Muri BMBC, turatanga akaryo ko gukora ama stages ku baba bipfuza kunonosora ivyigwa vyabo mu bijanye no kwubaka hamwe no mu kugira ivyirwa bijanye n’inyubako abantu baba bipfuza kwubaka.

Ishirahamwe BMBC risanzwe rikorana n’amakaminuza atandukanye yigisha ibijanye no kwubaka, nka Université du Burundi, Université Espoir d’Afrique, Université NTARE RUGAMBA, zo mu Burundi.

Rero kubipfuza gukora ama stages mwese, murahawe ikaze,mushobora kutwakura kuri +257 79 500 227( no kuri WhatsApp) canke facebook ngaha.

Ku bijanye n’Ubuzi, BMBC irakenera guha akazi abantu batandukanye bivanye n’ibikorwa iba ifise. Ivyo bitumwa nuko hari igihe usanga hari ibikorwa birengeye abakozi bitari bike bigatuma abakozi Ishirahamwe risanganywe bakenera kwongerezwa. Twovuga cane cane nk’abafundi basanzwe, abateranya ivyuma( Soudeurs), abakora amatara n’amazi n’ibindi.