ISHIRAHAMWE RIHURUMBIRWA NA BENSHI

Abato n’abakuze, abifise n’abatifise bose barirukira ishirahamwe BMBCTwarayaze na bamwe bamwe bo muri iyo migwi yose twandondaguye, baba abari ngaha mu gihugu eka n’abari mu mahanga; bose bakaba bikugura ukuntu basanze BMBC yitwararika imirimo yashinzwe. None ni imvo izihe zotuma witura ishirahamwe BMBC? 

*BMBC itunganijwe k’ubudyo uwuhaje wese yumva yisanze, ni umudyango urangwamwo akayaga keza, bituma rero iyo ubahaye akazi bikworohera kuronka amakuru wifuza bitakuvunye.

*Ni ishirahamwe rikorerea mumuco ntangere, amafaranga yose urishikirije kugira rigutungunarize imirimo riyakoresha neza na neza ivyo yategekanirijwe naridya risanzwe rifise ubuhinga butuma umenya amafaranga yose uzokenera imbere yo gutangura gushira mu ngiro umugambi wawe.

*Kubera uburambe n’ubuhinga BMBC ifise muri uyu mwuga bituma iwukora iwiyumvamwo kubw’ineza ya nyene ibikorwa eka kandi no kubw’iterambere ry’igihugu.

*Uyu mwuga ntituwufata nk’amacandya, kubwivyo ntitudyoshadyosha umukiriya kugira kumbure ashire amafaranga yiwe mubintu tubona ko birengeye ubudyo bwiwe canke kumbure bitazoshoboka, abitura BMBC turafasha gusuzuma ko inyubakwa bakeneye zihuye n’ubudyo bafise.

IYO MWUBATSE MWUBAKE NEZA, Wifuza kwubaka, canke gukoresha ivyigwa (aha turavuga ibijanye no gucapisha imigero, guharuza amafaranga muzokenera, eka n’ivyerekeye ubukomezi bw’inzu ) niwiture ishirahamwe BMBC rigutunganirize nkako abamaze gukorana nadyo barata amacumu, nibayate birabereye! nawe niwaza uzotangara.

KARABAYE NTACO TUGIKIZA!!!

Es’ukuntu bibabaje iyo umuganga akubwiyeko ibara ryamaze kugwa ko ataco bagikiza? Haraho bitegwa n’uko utamenye indwara hakiri kare ngo uyivuze canke bigaterwa n’uko wayirengagije. Mu buryo busa nubwo inyishu isa n’iyo irakunze guhabwa abantu bamwebamwe batwitura kugira tubafashe mumirimo yabo y’ubwubatsi, ariko bakaza aruko ibintu vyabo vyamaze kwononekara bivuye kukuba bituye abantu babahanura muburyo butari bwo. Iyo mufise imigambi yo kwubaka mwotwitura kuko turafise uburambe muri uyu mwuga kandi ntituwubona nkuwudufasha kwicira umukate wa buri musi ahubwo tuwubona nk’akazi gatuma igihugu gitera imbere, kubw’ivyo bituma ivyo dukorera abakiriya bacu tuvyitaho kur’ugero rwo hejuru. Benshi mubo tumaze gukorana barabishingira intahe, mumisi iza muzoshobora kubona amareresi atandukanye bariko barashinga intahe.

Iture BMBC rero maze mwirinde izo ngorane zose mwoshobora guhura nazo igihe mwokwitura abatari bo.

Ni ibanga irihe rituma BMBC iroranirwa mumirimo ya misi yose irangura?

Iri ni ryo banga rituma ishirahamwe BMBC riroranirwa mumirimo yaryo
-Umuyobozi waryo arishikira ku machantier yose kandi #kenshi araja mû bandi bakozi akubaka gutyo akabatera intege.
Twovuga rero ko umuyobozi wacu atari umuntu wo mû bureau yirirwa arasigna gusa impapuro ahubwo ni #umufundi abishoboye kandi w’intangakarorero

Vuba tuzobumvisha ikiganiro aho yadusiguriye imvo zituma aja mû bandi bafundi akubaka mû gihe aba yagendeye chantier kanaka. Iyo mwubatse mwubake neza.

IBIGIYINAMA BIGIR’IMANA

Kw’igenekerezo rya gatandatu nigenekerezo rya 26, ukwezi kwa cumi na rimwe umwaka wa 2018, ishirahamwe BMBC ryaratunganije inama ya bose iyitabwe n’abakozi bakurubakuru b’iryo shirahamwe aho barabiye hamwe ibijanye n’ubuzima bw’ishirahamwe, eka kandi hatibagiwe nuburyo bushasha rigiye gutangura gukoresha mugutunganya imirimo imirimo yaryo na cane cane ko risigaye rifise abakozi bakwiye.

#Video .Nankana Ngo Kwubaka inzu utagira plan canke devis y’ ukuri ngo vyoba bitera ” Tension “? Umviriza iyi vidéo

Benshi baremeza KO imbere yo kwubaka inzu umuntu yari akwiye kuba afise integuro itomoye kugira ngo ntahave yikangura yaramaze kururwamwo atako akibigir y’aa. ju ju un

Ico Nico abantu ji oui ishirahamwe BMBC kuko uwutwituye atangura kwubaka afise amakuru yose akeneye(igiciro ,ibicapu, ikiringo ,…..)

Umviriza vidéo

Turi Ishirahamwe rikundwa cane

  • Abakiriya bacu barabandanya kutubera ivyabona iyo baja hose, haba mu Burundi canke mumahanga. Ivyo bikabonekera kukuntu abarundi batandukanye babandanya kutwizigira mukudushinga imigambi yabo, Abakiriya bacu barashimishwa n’ukuntu baduha amahera menshi tukayakoresha neza, ivyo bikaba bituma badahagarika umutima naho bataba Bari hafi. Aya mafoto arerekana abakozi ba BMBC bariko barakoresha amahera mubihe bitandukanye mugushira mungiro imigambi bashinzwe n’aba client babo.
  • Mukugura ibikoresho
  • Muguhemba abakozi
  • Mugukora ivyigwa imbere yuko umugambi tuja kuwushira mungiro

#Burundi Diaspora

Mugihe abarundi benshi mu baba mu bindi bihugu bariko baritegurira akaruhuko ko mu ci, aho baza mu Burundi kuramukanya no gukora imigambi y iterambere itandukanye, ishirahamwe BMBC riramenyesha ko abipfuza kwubaka boryegera kugira ribafashe gutegura imigambi yabo  binakunze ribubakire amazu yabo

Ishirahamwe BMBC rirabafasha Gutegura imigambi yanyu yo kwubaka kuva ku #bicapu, gushika ku #kwubaka nyezina

Twubakira amazu abantu bipfuza kwubaka baba abari I #Burundi canke baba mu #mahanga.

Mutwandikire canke mutuvugishe kuri whatsapp +257 79500227

https://m.youtube.com/watch?v=iwsrufbgd1

Umviriza iyi vidéo ikurikira nimba wipfuza kwubaka mu #Burundi

Abarundi benshi baba mu mahanga baramaze kutwizigira .umviriza izi video


Mutama ati:”Amasezerano yose twagiraniye mwarayubahirije “

Uwo mutama yari yaserukiye umuclient wacu twubakiye inzu ari mu gihugu co mu mahanga

Bari bahejeje kuduha intungwa bwa kimenyetso Co kudushimira kukuntu dukora neza

Ishirahamwe BMBC rirabafasha Gutegura imigambi yanyu yo kwubaka kuva ku #bicapu, gushika ku #kwubaka nyezina

Twubakira amazu abantu bipfuza kwubaka baba abari I #Burundi canke baba mu #mahanga.

Mutwandikire canke mutuvugishe kuri whatsapp +257 795002279