IYI #NZU IZONTWARA AMAFARANGA ANGANA GUTE ?

Biramaze kwibonekezako abantu atari bake, baba bafise imigambi yo kwubaka inyubakwa kanaka bivanye nigikorwa bifuza kuyikoresha, bakunda guhura n’ikibazo, c’amafaranga iyo nyubakwa izobatwara yose yose niyamara kurangira uko azoba angana. Ariko none mubihe nkivyo wokwitura nde yogufasha kuronka inyishu yibibazo vyawe ? Ico ntikiri ikibazo cotuma umuntu ata umutwe kuko BMBC ibibafashamwo m’uburyo butomoye kandi bunyaruka kuberako ifise abahinga bamenyerejwe neza kandi babikorana umwete n’ubuhanga.

Raba ano mafoto aho tuba turiko turategura imigambi y’ abantu batandukanye

IMG-20190218-WA0010

IMG-20190125-WA0009
Mwomenya kandi ko inyubakwa ishobora kuba ifise imigero imwe ariko igatwara uburyo butandukanye bivanye n’ivyo mwene kuyubaka ashaka canke akarere ashaka kuyubakamwo.
Hariho bamwe usanga bakeneye ibintu biri kurugero rwo hejuru, abandi bagakenera ibibayabaye, kandi bose baba bafise uburyo bwo kwubaka iyo nyubakwa, rero kugira umenye uburyo bizogusaba kugira umarire inyubakwa yawe wokwitura abahinga bakagufasha gucagura neza uburyo bukubereye bivanye n’inkenero usanzwe ufise. Ishirahamwe BMBC rirafasha abo bose baryitura kumenya amafaranga bazokenera kugira bashire mungiro imigambi yabo, aha ico mwomenya ni uko tubafasha gucagura ibikoresho vyiza bikomeye kandi bihuje n’uburyo musanzwe mufise.

dsc_9419-2059994317.jpg
img-20181207-wa00241385600534.jpgIvyo turabigukorera waba uri hafi canke utari hafi kuko dusanzwe dukoresha uburyo bugezweho bwo guhanahana amakuru ; ivyo bikaba bituma mushobora gukurikirana ibikorwa vyanyu ukuntu bitera imbere aho muba muherereye hose, iyo mutwituye nta mpamvu yo guhagarika umutima iba ihari kuko ico duharanira ni uko umukiriya wacu yokora atekanye mumutima maze ibikorwa vyiwe bikabandanya ata nkomanzi.

Shikiriza ico wiyumvira ngaha canke utwandikire kuri Whatsapp kuri +257 79500227 nimba wipfuza kwubaka mu Burundi.