KARABAYE NTACO TUGIKIZA!!!

Es’ukuntu bibabaje iyo umuganga akubwiyeko ibara ryamaze kugwa ko ataco bagikiza? Haraho bitegwa n’uko utamenye indwara hakiri kare ngo uyivuze canke bigaterwa n’uko wayirengagije. Mu buryo busa nubwo inyishu isa n’iyo irakunze guhabwa abantu bamwebamwe batwitura kugira tubafashe mumirimo yabo y’ubwubatsi, ariko bakaza aruko ibintu vyabo vyamaze kwononekara bivuye kukuba bituye abantu babahanura muburyo butari bwo. Iyo mufise imigambi yo kwubaka mwotwitura kuko turafise uburambe muri uyu mwuga kandi ntituwubona nkuwudufasha kwicira umukate wa buri musi ahubwo tuwubona nk’akazi gatuma igihugu gitera imbere, kubw’ivyo bituma ivyo dukorera abakiriya bacu tuvyitaho kur’ugero rwo hejuru. Benshi mubo tumaze gukorana barabishingira intahe, mumisi iza muzoshobora kubona amareresi atandukanye bariko barashinga intahe.

Iture BMBC rero maze mwirinde izo ngorane zose mwoshobora guhura nazo igihe mwokwitura abatari bo.

Shikiriza ico wiyumvira ngaha canke utwandikire kuri Whatsapp kuri +257 79500227 nimba wipfuza kwubaka mu Burundi.