Amakaminuza Yo Mu Burundi Arahurumbira Ubuhinga Bugezweho bwa BMBC

Nkuko mubimenyereye,Ishirahamwe ryanyu BMBC( Building and Multi-Business Company) rirababwira ico rikora mu bijanye no kwubaka amazu y’abantu baba abari hano mu Burundi canke mu mahanga.Uyu musi naho twashimye kubayagira ibigezweho na cane cane mu bijanye no gukorana n’amakaminuza atandukanye atandukanye mu bijanye no gukora imyimenyerezo ku bijanye n’umwuga wo kwubaka hamwe no gutegura imigambi yo kwubaka.

Raba kandi: Ishirahamwe BMBC Riratumirira Abo Bose Bashaka kwubaka mu Burundi

Amakaminuza yama yashimye ivyo dukora mu kuturungikira abanyeshure bakora imyimenyerezo ni Kaminuza y’Uburundi, Kaminuza Espoir d’Afrique, Université Ntare Rugamba na Summit University. Ibintu dukora amakaminuza arabishima ku buryo aturungikira abanyeshure bayo ngo bakore imyimenyerezo.

Raba Video hano aho Ishirahamwe ryanyu ryakoranye n’abariko bakora imyimenyerezo: